Ifumbire yo mu bwoko bwa Urée ingana n’imifuko 107 n’igice ni ukuvuga ibiro 5375 kg niyo yafatanywe Irankunda Ezéchiel na Nkengurutse Jean Marie bo muri komine Gitega zone Mubuga umutumba Mubuga kuri uyu wambere igenekerezo rya 5/1/2026.
Abajejwe intwaro , umutekano n’abenegihugu bo muri ako karere batewe amakenga n’amase yo mu bwoko bwa totahaza yariko apakurugwa Nabo badandaza kandi ata mwene gihugu numwe yigeze amenyeshwa ko hari amase ahava apakururirwa mw’ako karere.Baciye baterefona Musitanteri wa komine Gitega bamubwira ko hariho ibibateye amakenga.

Musitanteri wa komine Gitega ari kumwe n’uwujejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi,uwujejwe igiporisi muri komine hamwe n’icariho c’umushikirinzamanza wa Republika i Gitega bakaba bishikiye kuraba uko ibintu vyifashe. Bamaze gusaka mu bubiko umwe bamufatanye imifuko 101 y’ifumbire yo mu bwoko bwa Urée, uwundi nawe imifuko 6,5 ya Urée nyene.

Abokoze iryo kosa ntibashoboye gufatwa kuko baciye bayanyaga ariko iyo fumbire yaciye yegeranirizwa mubiro vy’umutumba wa Mubuga aho inyamiramabi yaciye igira icegenyo kugira amatohoza abandanye.
Musitanteri wa komine Gitega, Jacques Nduwimana arashimara abajejwe intwaro babaye magabo bagatanga inkuru ndetse bakanafata iyo fumbire .
Jacques Nduwimana amenyesha ko ivyo ari ububisha bwo guhungabanya akigoro Reta yagize ko kuramira abenigihugu bagaca bakikika mukiza kugira bazimbe abenegihugu.Yarakeje abajejwe intwaro n’umutekano kubukerebutsi bakoranye
Musitanteri aranegura iyo ngendo yo kunyegeza Ifumbire. Asaba abenegihugu kuba magabo no gutanga inkuru kugihe ndetse ahamagarira ubutungane gukora kugira iyo ngeso ihashwe burundu.
Yijeje kandi abenegihugu ko amatohoza aheze, abajejwe ubutungane bazoshobora gufata ingingo ko aca adandarizwa muri ako karere nyene.
Mwomenya ko ubu ikiro c’iyo fumbire na Urée kiri kumafaranga ari hagati ya 4000 na 6000 Fbu mugihe uba uyiguze kuri abo bayidandaza kuri magendo.
Source: JPG